ijambo leonarudo nyangoma ashikirije urwaruka
Transcription
ijambo leonarudo nyangoma ashikirije urwaruka
Republika y’Uburundi République du Burundi Inama y’Igihugu Conseil National pour la Défense de la Démocratie Igwanira Demokarasi Email : [email protected] Email : [email protected] www.cndd-burundi.com Tél. : 257 76281583 IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA ASHIKIRIJE URWARUKA RW’UBURUNDI IGIHE RWIBUKA ISABUKURU IGIRA 40 HAGANDAGUWE ABANYESHURE B’I SOWETO MURI AFRIKA Y’EPFO Barundi barundikazi, Rwaruka rw’Uburundi, 1. Uyu munsi nipfuje, kubashikiriza aka kajambo kuko twibuka, urwaruka rwo muri Afrika y’Epfo, rwahonejwe ruzira kwiyamiriza ingingo y’intwaro y’agahotoro y’abazungu, yashaka ko biga ku gahato ururimi rw’iki afrikans rw’abazungu bariko babakandamiza, rwongera rusaba ko barwigisha ivyigwa v’yibiharuro( mathématiques), vy’ivyakahise( histoire), n’ivy’indondabihugu (géographie). Ku batabizi canke batavyibuka neza, hari ku wa gatatu, kw’igenekerezo rya 16 ry’ukwezi kwa Ruheshi mu mwaka wa 1976. Ahantu hitwa Soweto, hafi y’igisagara Johannesbourg, abana b’abirabure harimwo utwana two mu mashure matomato barenga amajana atandatu barishwe urwo agashinyaguzo bazira ko bagiye mw’ibarabara kwiyamiriza iyo ngingo y’intwaro y’agahotoro n’ivangura ry’amoko y’abazungu yariho ico gihe. 2. Nk’uko bari babisezeranye, mu gitondo c’uwo munsi, abana ibihumbi barahuriye imbere y’ishure Morris Isaacson, bafise inzandiko ziyamiriza urwo rurimi rw’abazungu. Bashaka kwiha ibarabara baja guhurira mu kibuga c’umupira ca Orlando. Ariko igiporisi nticabibemereye. Abaporisi barakankamye ngo « ni mushwiragire », babashuhurirako imbwa, bongera barabarasa n’ibisasu vyica. Agahungu ka mbere kagandaguwe kari gafise imyaka icumi n’itatu. Kitwa Hector Pieterson. Bakarashe mu mugongo : n’ukuvuga ko kariko kiruka gahunga. Amakuru yavuze ko uwo munsi hishwe abana amajana atanu na mirongo irindwi na batanu (575 ), ariko bararenga. 3. Abanyagihugu b’i Soweto bavyumvise, ntibavyihanganiye baciye bashwabaduka na bo baja mu mabarabara, guhangana n’abo baporisi naho ata birwanisho bari bafise uretse amabuye. Reta y’abazungu yaratemye iratongora. Ariko iciza cabonetse ni uko abandi banyeshure b’i Johannesburg baciye bifatanya n’abo b’i Soweto, bagatangura gushira igipfunsi hejuru, basaba ko hoza ubutegetsi bw’abirabure. Kandi abanyeshure batari bake b’abazungu barifatanije n’abirabure muri ukwo kwiyamiriza iyo ngingo mbi. Ikindi ciza ni uko umwaka ukwirikira (wa 1977) Inama ishinzwe umutekano kw’isi (Conseil de sécurité) yafatiye Reta y’abo bazungu igihano c’uko ata gihugu na kimwe cosubira kubagurishiriza ibigwanisho. Ico gihe muri Soweto abantu 54% bari abashomeri, inzu 93% nta kazu ka surwumwe zari zifise. Abakozi bamara amasaha ane imbere yo gushika ku kazi. 4. Tugereranije no mu Burundi, Murazi ko imbere yuko Ndadaye atsinda amatora mu 1993, akarwi kari ku butegetsi kari kishimikije amacakubiri y’amoko kiyitirira abatutsi, aho haba mu ntwaro, mu vy’ubutunzi, mu gisoda eka mu bice vyose vy’ubuzima bw’igihugu, uwutari muri ubwo bwoko canke wamenga nta 1 kibanza agira. Ni na vyo vyatumye abari bamunzwe n’ayo macakubiri batarota bemera ko uwitwa umuhutu yorongora igihugu c’Uburundi, intwaro ya demokarasi iba iraciwe umutwe. Twarahagurutse turarwanya ako karwi turakagondoza gushika aho tugiranira ibiganiro I Roma kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu 1997, tubibandaniriza i Arusha kuva 1998 gushika mu mwaka wa 2000. Iyo ntambara twagwanye, ntiyari iy’ubwoko nk’uko benshi bihutira kubivuga kugira ngo bagume batuburabuza gushikiriza abarundi intwaro ya demokarasi twamye duharanira. Tumaze gushika ku Masezerano y’amahoro y’i Arusha tugira ngo tugiye kwiruhutsa, ubutegetsi bwagumye bwisubiriza burongowe na Petero Nkurunziza kugeza n’ubu, bwasubiye kuri iyo ngendo igayitse yo gusubira kuvangura abarundi bukoresheje amoko canke agatumba. Ariko abarundi benshi kiretse abasavyi ntibagiye kuri ayo mohe, kandi turabibashimiye. 5. Abibaza rero ngo twari twagwaniye amaronko canke ngo tugwanira abahutu nk’uko iyo ntwaro ya Nkurunziza iriho ubu mu Burundi yama iriko irabiririmba, nibave i buzimu baje ibuntu, dushire hamwe twubake igihugu kiyagwa ubutungane, amahoro kuri bose, n’agateka k’umurundi wese. Turazi ko n’ubu hari abirigwa barahenda urwaruka ngo Nyangoma yarashaje, ngo ntaco agishoboye. Nibateshwe bate kuko Ivyiyumviro ntibisaza hasaza imitwe mito. N’ubu tugendera ku vyiyumviro vya ba sokoru haheze i myaka irenga amajana n'amajana babishize ahabona. 6. Kur’uyu munsi rero, nipfuje guhanahana ivyiyumviro canecane n’urwaruka, twibuka ko kuva kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa kane 2015, igihe urwaruka isinzi rwiha amabarabara mu ntumbero yo kwiyamiriza manda ya gatatu ya Nkurunziza. Kuri iyo tariki nyene abaporisi baragandaguye abana benshi, uwambere bahereyeko yitwa Jean Nepo DUKOMEZAMAHORO, bamugandaguye ataritse amaboko, yarafise imyaka 16 gusa, twovuga ko bamugize nka ka gahungu Hector ko muri Afrika y'Epfo. Urwaruka rwinshi rumaze kugandagurwa n’iyo ntwaro ruzira ko rwagiye mw’ibarabara rwiyamiriza ikiringo c’ubusuma ca gatatu ca Petero Nkurunziza nk’uko intwaro karyanishamiryango muri Afrika y’Epfo yabikoze ku munsi nk’uyu wa 16 Ruheshi mu 1976. Rwaruka rw’i Burundi, ni murabe mumenye neza ko kuba tutariko turarondera amaronko atari uko tutari dushoboye kuyaronka, canke ngo natwe twumire ku butegetsi twari dufise kuva FRODEBU itsinze muri 1993. Ikituraje ishinga, ni uko umurundi wese yogira ijambo mu gihugu ciwe, itunga ry’uburundi rigasangirwa na bose, ubutungane bugatunganiriza bose, amacakubiri y’ubwoko n’intara bigasezererwa ubutakigaruka. Ivyo na vyo nta handi bizova atari mu butwari bw’abarundi na canecane bw’urwaruka rukunda igihugu carwo, rugakunda abarundi, rugakunda n’Uburundi n'Afrika. Nta handi bizova atari mu rwaruka rwitanga rutabanje gushira imbere inda ndende, igiturire, n’amacakubiri ayo ari yo yose , yaba ay'amoko canke ay'intara. 7. Uyu munsi ndabashikirije iri jambo ngo twibuke abana bacu batwitangiye bagapfa bazira kugwanya akarenganyo ko kwigungirako ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Ndabashikirije kandi iri jambo kugira ngo nshigikire abana bo mu Ruziba,i Muramvya, i Gisuru mu Ruyigi n'ahandi bariko baratotezwa ngo bamenye amaso y'amashusho y’umukuru w’igihugu, kandi ata wuyobewe yuko abana bigana mu buryo bwabo ivyo bumvana abavyeyi canke aho babaye. Bwabaye uburyo bwabo bw’ukugaragaza ivyo abatari bake batagishobora kugaragaza ku mugaragaro, kuko ubu ata wukiryogora atari mu mugambwe wa Petero Nkurunziza. Urwo rwaruka rwose, n’abandi barundi batiserura, batuntuye ku mutima, ariko badashigikiye ibibera mu gihugu cacu, ndabateye intege. Ni mukomere, mukomeze umutima rugabo, mwanke ivyo vyose bituma Uburundi bwacu businzikazwa n’ubukunzi bw’inda bw'abantu bari ku rushi, bampema yuzuye, baba abahutu canke abatutsi, baba bava mu ntara iyi canke iriya. 8. Ntimube ba ntirumveko canke ngo muhendwe mube ba nsumirinda nk’uko mubibona mu ntara zose no mu moko yose. Hari bamwe bashima gufatanya na Petero Nkurunziza kubera amaronko bakuramwo, ni bwa kurya umuhero. Muravyibonera si agaseseshwarumuri, abatutsi batari bake bafatanya n’ubutegetsi bwa Nkurunziza kuko bagwanira inda zabo, abahutu benshi bemera gushigikira Petero Nkurunziza kugira 2 ngo basorome ivyo batarimye. Ikindi kibabaje ni uko hari n’abahindura iyo bavuka kuri Karangamuntu canke naho bagahatirwa kwinjira mu mugambwe wihagiye ubutegetsi kugira barabe ko idosiye yabo itohava ibizira canke kuba baramaze kabiri. Tutahagabiye, iyo ntwaro igomba kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe, uwutari muri wo ukamengo nta burenganzira na bumwe agifise mu gihugu kumwe rero kwa ya ntwaro yo muri Afrika y’Epfo ba Mandela barwanije bakayitsinda uwutari umuzungu ata jambo yari afise mu gihugu ciwe! Noneho intwaro y’umugambwe umwe ifise ububisha bwinshi, kuko n’uwuri muri uwo mugambwe nta jambo agira, atungwa n’ugusaba n’ugusabisha abandi hamwe n’ubundi bubegito tutokwirirwa turadondagura. Ivyo vyose muravyiyamiriza kandi muguma mwibuka ko umurundi ahari hose, ubwoko ubwo ari bwo bwose, intara avukamwo iyo ari yo yose, bose ari abarundi ubwa mbere, kandi ko musangiye gupfa no gukira. 9. Ndangije iri jambo nongera kubasaba kwibuka abana bo muri Afrika y’Epfo. Ubutwari bagize butubere akarorero mu kwubaka igihugu kizira amacakubiri mu bwoko, mu ntara, mu butunzi, mu butegetsi n’ibindi. Ni hahangame Urwaruka Ni hahangame Uburundi n'abarundi Ni tugire amahoro, iteka n’iterambere kuri bose ! Kuwa 16 Ruheshi 2016 Kw’izina rya CNDD, Leonarudo NYANGOMA, Perezida 3