bandanya - Burundiimage

Transcription

bandanya - Burundiimage
ABAGUMYABANGA BA CNDD-FDD NTA KINDI KIBARAJE ISHINGA ATARI
URUPFU RW’UMUSHINGAMATEKA MANASSE NZOBONIMPA
L’hon Manassé NZOBONIMPA
Jérémie NGENDAKUMANA
Umurwi w’abagumyabanga mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD bari kumwe
n’intwazangabo zimwe zimwe, baragize akanama muri komine KININDO (imwe mu
makomine agize igisagara ca Bujumbura) kugira ngo bihweze ibijanye n’ugushaka
kugandagura umushingamateka Manasse NZOBONIMPA, asanzwe ari mubo basangiye
urugamba rwo guhabura demokarasi mu Burundi. Iyo nama yari irongowe n’umwe muri izo
ntwazangabo akaba yabanje kunegura uko umugambwe CNDD-FDD wifashe muri kino gihe,
umugambwe wabareze hambere aho hahise, wakundwa kandi ukizigirwa n’abanyagihugu
benshi kubera akarangamutima kawo. Niko guca ashikiriza ukuntu iryo bara ryaraye rihatswe
kuba, nk’uko babivuganye kw’itelefone na colonel Manasse NZOBONIMPA kumurango wo
kwigenekerezo rya 8 Ruheshi 2011.
Umushingamateka Manasse NZOBONIMPA yari mu bikorwa vyiwe vya minsi yose vyo
mw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ko mu buseruko bwa Afrika, aho yari ageze ku
gituro c’amabisi y’ishirahamwe rya “ KAMPALA COACH” i Kampla muri Uganda, avuye i
Nairobi muri Kenya. Yakiriwe n’abapolisi b’abaganda babiri bamumenyesha ko yafashwe.
Hambavu yabo, hari imodoka isanzwe irimwo imisoresore ibiri ifise inkoho zo mu bwoko
bwa pistolet zibiri n’ibibugita bitandatu. Iyo misore yaragerageje kwihisha mu maso ariko
Manasse yarabonye ko atari ubwambere abakubita amaso, ahubwo ko abazi mubahoze ari
abagwanyi ba FDD basubijwe mu buzima busanzwe. Umushingamateka Manasse yaranse
kwinjira muri iyo modoka, aca arasemerera atabaza abakozi b’iryo shirahamwe “KAMPALA
COACH”. Bano baciye bashwabaduka. Abo bicanyi bari baje kumuhagarika ngo bamujane
kumugandagurira IKERA kubirometero 20 uvuye i Kampala baciye bafatwa n’ubwoba, baca
bakorokera muri ya modoka bariruka. Umwe muri baba polisi babiri aba arasigaye. Niko
kubazwa n’igipolisi ca Uganda bagasanga nta mutahe wo guhagarika Manasse bari bafise
kandi nta nuwari yabatumye. Bica biragaragara ko bari bafise umugambi wo kumugandagura.
Ivyo bintu bamaze kubica hirya no hino, abo bari muri iyo nama baciye bapfundika ibi
bikurikira:
1.
Jeremie NGENDAKUMANA naho ari umukuru w’umugambwe nta
ruhara afise mubashatse kugandagura umushingamateka Manasse
NZOBONIMPA. Bafatiye ku nkuru z’umwe mubari muri iyo nama azi ibiriko
biraba mu mugambwe CNDD-0FDD, Jeremie NGENDAKUMANA
n’umukuru w’umugambwe kw’izina gusa. Mu rugendo yaherukamwo i
Kampala, ntaco bisa bisana n’uwo mugambi ugayitse. Yarungitswe vyihuta i
Kampala kugira hakorane inama mu mugambwe ishinga umugwi
w’abagenduzi bajejwe gutohoza ivyo mu mugambwe gushika ikoraniro
ryimirije mu ntago z’umwaka uza (2012) ribe. Abagize uwo mugwi ni
Mohamed RUKARA awurongoye, Koloneli Zeno NDARUVUKANYE
icegera hamwe na Martin MBAZUMUTIMA umunyamabanga. Bumvikanye
ko uwo mugwi atacegeranyo canditse urekuriwe gukora ivyo bikagaragaza ko
mu mugambwe CNDD-FDD ibintu bitifashe neza namaba.
2.
Mu guhanahana ivyiyumviro, inkuru n’intumbero, basanze uyo
mugambi wo gukura kw’isi umushingamateka Manasse NZOBONIMPA
wagizwe n’urwego rujejwe iperereza rurongowe na General Major Adolphe
NSHIMIRIMANA hamwe n’akagwi bakorana basanzwe atakindi bakora atari
ugukora bene ayo marorerwa asiga iceyi igihugu n’umugambwe uri
k’ubutegetsi.
3.
Impari zitari nkeya zarabaye muri iyo nama kubijanye n’uruhara Pierre
NKURUNZIZA umukuru w’igihugu yoba afise muri uyo mugambi ugayitse
wo kwica umushingamateka Manasse NZOBONIMPA. Bake muribo babonye
ko abifisemwo uruhara kuko bazi neza ko ata gikorerwa mu biro vy’iperereza
umukuru w’igihugu aba atazi. Abandi nabo babonye ko ata ruhara abifisemwo
naho yama yigize uwejo mu gukingira ikibaba amakosa atagira uko angina
akorwa na Adolphe NSHIMIRIMANA biturutse kumabanga menshi azi
kubijanye n’amadosiye y’amanyanga yega Pierre NKURUNZIZA.
4.
Baribukije ko bababajwe bidasanzwe n’ikurwa ry’umushingamateka
Manasse NZOBONIMPA mu mugambwe CNDD-FDD baca babona ko
gushaka kumugandagura biza bisongera isibe mu kwongereza ikibi mu kindi.
5.
Kugira bahangane n’ingorane zitagira uko zingana zihanze
umugambwe wabo, bumvikanye kwunga urunani rw’intamenwa no gukomeza
urukundo rutagira agahemo hagati yabo mu ntumbero yo kwiyunga n’incungu
zazize urugamba rwo guhabuza demokarasi hamwe no gufata mu mugongo
abo bose biyemeje kugendera akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.
6.
Kubwabo, ntibazi Reta canke ishirahamwe umushikiranganji Edouard
NDUWIMANA akorera bishimikije ingingo zitagira umutwe n’amaguru yama
yafashe. Ntibatahura kandi agacerere umukuru w’igihugu Pierre
NKURUNZIZA arimwo, bihweje amadosiye y’ubusuma usanga yagira
umushikiranganji w’ikigega ca Reta Clotilda NIZIGAMA.
7.
Ntibihanganye mu gutera ivyatsi ingingo iherutse gufatwa yo kuduza
igiciro c’amatara n’amazi kuko vyibonekeza neza ko ari ugushimangira
urwanko hagati y’abanyagihugu n’umugambwe CNDD-FDD hamwe na Reta
iwukomokako.
Abo baguimyabanga barangije inama yabo bagaragaza akababaro n’agahinda bafise, biturutse
kukagwi k’ivyaduka vyinjiye mu mugambwe wabo, biwinyegezamwo atakindi bikora atari
ukuwuta mu rudubi, ukuwambika ibara no kuwusiga iceyi birondera inyungu zavyo zonyene.