bandanya - Burundiimage
Transcription
bandanya - Burundiimage
ABAGUMYABANGA BA CNDD-FDD NTA KINDI KIBARAJE ISHINGA ATARI URUPFU RW’UMUSHINGAMATEKA MANASSE NZOBONIMPA L’hon Manassé NZOBONIMPA Jérémie NGENDAKUMANA Umurwi w’abagumyabanga mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD bari kumwe n’intwazangabo zimwe zimwe, baragize akanama muri komine KININDO (imwe mu makomine agize igisagara ca Bujumbura) kugira ngo bihweze ibijanye n’ugushaka kugandagura umushingamateka Manasse NZOBONIMPA, asanzwe ari mubo basangiye urugamba rwo guhabura demokarasi mu Burundi. Iyo nama yari irongowe n’umwe muri izo ntwazangabo akaba yabanje kunegura uko umugambwe CNDD-FDD wifashe muri kino gihe, umugambwe wabareze hambere aho hahise, wakundwa kandi ukizigirwa n’abanyagihugu benshi kubera akarangamutima kawo. Niko guca ashikiriza ukuntu iryo bara ryaraye rihatswe kuba, nk’uko babivuganye kw’itelefone na colonel Manasse NZOBONIMPA kumurango wo kwigenekerezo rya 8 Ruheshi 2011. Umushingamateka Manasse NZOBONIMPA yari mu bikorwa vyiwe vya minsi yose vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ko mu buseruko bwa Afrika, aho yari ageze ku gituro c’amabisi y’ishirahamwe rya “ KAMPALA COACH” i Kampla muri Uganda, avuye i Nairobi muri Kenya. Yakiriwe n’abapolisi b’abaganda babiri bamumenyesha ko yafashwe. Hambavu yabo, hari imodoka isanzwe irimwo imisoresore ibiri ifise inkoho zo mu bwoko bwa pistolet zibiri n’ibibugita bitandatu. Iyo misore yaragerageje kwihisha mu maso ariko Manasse yarabonye ko atari ubwambere abakubita amaso, ahubwo ko abazi mubahoze ari abagwanyi ba FDD basubijwe mu buzima busanzwe. Umushingamateka Manasse yaranse kwinjira muri iyo modoka, aca arasemerera atabaza abakozi b’iryo shirahamwe “KAMPALA COACH”. Bano baciye bashwabaduka. Abo bicanyi bari baje kumuhagarika ngo bamujane kumugandagurira IKERA kubirometero 20 uvuye i Kampala baciye bafatwa n’ubwoba, baca bakorokera muri ya modoka bariruka. Umwe muri baba polisi babiri aba arasigaye. Niko kubazwa n’igipolisi ca Uganda bagasanga nta mutahe wo guhagarika Manasse bari bafise kandi nta nuwari yabatumye. Bica biragaragara ko bari bafise umugambi wo kumugandagura. Ivyo bintu bamaze kubica hirya no hino, abo bari muri iyo nama baciye bapfundika ibi bikurikira: 1. Jeremie NGENDAKUMANA naho ari umukuru w’umugambwe nta ruhara afise mubashatse kugandagura umushingamateka Manasse NZOBONIMPA. Bafatiye ku nkuru z’umwe mubari muri iyo nama azi ibiriko biraba mu mugambwe CNDD-0FDD, Jeremie NGENDAKUMANA n’umukuru w’umugambwe kw’izina gusa. Mu rugendo yaherukamwo i Kampala, ntaco bisa bisana n’uwo mugambi ugayitse. Yarungitswe vyihuta i Kampala kugira hakorane inama mu mugambwe ishinga umugwi w’abagenduzi bajejwe gutohoza ivyo mu mugambwe gushika ikoraniro ryimirije mu ntago z’umwaka uza (2012) ribe. Abagize uwo mugwi ni Mohamed RUKARA awurongoye, Koloneli Zeno NDARUVUKANYE icegera hamwe na Martin MBAZUMUTIMA umunyamabanga. Bumvikanye ko uwo mugwi atacegeranyo canditse urekuriwe gukora ivyo bikagaragaza ko mu mugambwe CNDD-FDD ibintu bitifashe neza namaba. 2. Mu guhanahana ivyiyumviro, inkuru n’intumbero, basanze uyo mugambi wo gukura kw’isi umushingamateka Manasse NZOBONIMPA wagizwe n’urwego rujejwe iperereza rurongowe na General Major Adolphe NSHIMIRIMANA hamwe n’akagwi bakorana basanzwe atakindi bakora atari ugukora bene ayo marorerwa asiga iceyi igihugu n’umugambwe uri k’ubutegetsi. 3. Impari zitari nkeya zarabaye muri iyo nama kubijanye n’uruhara Pierre NKURUNZIZA umukuru w’igihugu yoba afise muri uyo mugambi ugayitse wo kwica umushingamateka Manasse NZOBONIMPA. Bake muribo babonye ko abifisemwo uruhara kuko bazi neza ko ata gikorerwa mu biro vy’iperereza umukuru w’igihugu aba atazi. Abandi nabo babonye ko ata ruhara abifisemwo naho yama yigize uwejo mu gukingira ikibaba amakosa atagira uko angina akorwa na Adolphe NSHIMIRIMANA biturutse kumabanga menshi azi kubijanye n’amadosiye y’amanyanga yega Pierre NKURUNZIZA. 4. Baribukije ko bababajwe bidasanzwe n’ikurwa ry’umushingamateka Manasse NZOBONIMPA mu mugambwe CNDD-FDD baca babona ko gushaka kumugandagura biza bisongera isibe mu kwongereza ikibi mu kindi. 5. Kugira bahangane n’ingorane zitagira uko zingana zihanze umugambwe wabo, bumvikanye kwunga urunani rw’intamenwa no gukomeza urukundo rutagira agahemo hagati yabo mu ntumbero yo kwiyunga n’incungu zazize urugamba rwo guhabuza demokarasi hamwe no gufata mu mugongo abo bose biyemeje kugendera akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD. 6. Kubwabo, ntibazi Reta canke ishirahamwe umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akorera bishimikije ingingo zitagira umutwe n’amaguru yama yafashe. Ntibatahura kandi agacerere umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA arimwo, bihweje amadosiye y’ubusuma usanga yagira umushikiranganji w’ikigega ca Reta Clotilda NIZIGAMA. 7. Ntibihanganye mu gutera ivyatsi ingingo iherutse gufatwa yo kuduza igiciro c’amatara n’amazi kuko vyibonekeza neza ko ari ugushimangira urwanko hagati y’abanyagihugu n’umugambwe CNDD-FDD hamwe na Reta iwukomokako. Abo baguimyabanga barangije inama yabo bagaragaza akababaro n’agahinda bafise, biturutse kukagwi k’ivyaduka vyinjiye mu mugambwe wabo, biwinyegezamwo atakindi bikora atari ukuwuta mu rudubi, ukuwambika ibara no kuwusiga iceyi birondera inyungu zavyo zonyene.